UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abacitse kw’icumu mu rwimo rw’1972 basaba Leta kwemererwa gutangura guhimbaza umusi wahariwe ihonyabwoko.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ihuriro ry’abacitse kw’icumu mu rwimo rwo mu mwaka w’1972 basaba Leta y’uburundi uruhusha rwo guhimbaza ku ncuro ya mbere umusi mpuzamakungu wahariwe kwibuka abakozweko n’ihonyabwoko.

Iryo huriro bise mu rurimi rw’igifaransa “Collectif des survivants et victim s du genocide Hutu de 1972″ryandikiye kuri uyu wa gatanu umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’umushikiranganji wo gushigikirana , agateka ka zina muntu ,imibano n’iterambere ridakumira , ribasaba ko bobemerera guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kwibuka abakozweko n’ihonyabwoko uhimbazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 9 Kigarama.

Nkuko biri mw’iryo kete ryateweko umukono na Frederic Nzeyimana arongoye iryo shirahamwe, Asaba Leta y’uburundi ko yokwemerera Imiryango yose y’abacitse kw’icumu hamwe n’abakozweko n’iryo honyabwoko maze ikitabira isabukuru ya mbere mu mateka y’uburundi ijanye no guhimbaza uwo musi.
Iryo huriro , rikaba ryipfuza ko uwo musi wotangura guhimbazwa mu Burundi kw’igenekerezo rya 18 Kigarama 2022 ku civugo kigira giti:Zingatia! Ntibigasubire! Plus jamais ca! Never again !

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments