UBM News ads

AGAPFUYE KABAZWA IVU

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ni ho bavuga ngo “agapfuye kabazwa ivu.” Biratangaje kubona kugeza iyi saha ata tangazo rya Chris Ndikumana ryo guhoza imiryango yabuze ababo canke ryo kwifatanya na bo mu kababaro, inyuma y’ivyabereye mu gikorane aheruka gutegura aho abantu barenga 8 bitavye Imana .

Kubona kano kanya atatangazo rirashirwa ahabona , abenshi bari biteze ko organization ya Kanguka yuko yofata iya mbere mu kwihanganisha no gufasha imiryango y’ababuze ababo, no kwerekana ko yifatanyije na bo muri ibi bihe bigoye kuko Kwifatanya n’abapfushije no kubereka impuhwe ni ikimenyetso c’ubumuntu n’uburongozi bubereye, ariko kwa Chris ho suko kuko biboneka ko iki kibazo bagifashe minenerwe nkuko umengo abapfuye ntaco bari bamaze mu gihugu.

Ibaze kugeza nubu ugiye kumbuga ziwe akoresha, ntatangazo na rimwe rihari riri official ryo guhoza no gusaba imbabazi kuvyabaye, ariko hibereyeko amafoto y’umunezero yerekana ubwinshi bwabari bitabiriye Kanguka nkaho umengo ntacabaye ! Nukuri ino ni ingendo igayitse k’umukozi w’Imana . Abavuga ngo yarabivuze muri Kanguka, Ese wibaza ko ari bose bumviriza kanguka? Ese ko imbuga ziwe za facebook , twitter , WhatsApp , YouTube na website yiwe bikora, babuze umwanya wo kwandika itangazo riri official kugira isi yose imenye ivyabaye? Iri ni ikosa rikomeye cane ino organization iriko irirengagiza.

Leta Nkozi, Leta Kirori yo ntaco iravuga kuko iracibereye mu kirori cayo ca buri weekend co guhekenya amakori y’abenegihugu , ntibanezwe no gukora amatohoza kugira ikosa nkiri ntirize ryongere kubaho , mu gikorane ca Chris Ndikumana hapfuye abantu 9 ariko hari umunsi hazopfa 200 , sinzi rero ko Leta izofata umwanzuro aruko ibonye hapfuye benshi cane amazi yamaze kurenga inkombe , ndakurahiye ibi iyo bibera mu Rwanda wari kuraba ko Paul Kagame atari gufata umwanzuro ubereye nka President.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments