UBM News ads

Umushikiranganji muri leta ya Gitega yatowe ikiziga yambaye ikabutura mu modoka yiwe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gatondo kare cane ko kuri uyu wa 16 Ntwarante 2026 , abarundi bazindukiye Ku nkuru y’urupfu rw’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru BUGAGA Gabby.

Inkuru yatanguye guhanwahanwa Ku ma telephone aho abantu bakoresha imvugo yo gukekeranya uwoba yapfuye. Munyuma uko bwaca Niko kuboneka neza na neza umuco. Vyahavuye bimenyekana ko yapfuye aho bamusanze ubwa mbere ikiziga kiryamye mu modoka Ku ruhande rw’uwuyitwara, urufunguruzo rw’imodoka mu mufuko wa nyakwigendera,amaguru arereta aciye mu kiyo. Ahandi mu nyuma habonetse amareresi aryamye mu modoka yiwe umuryango wuguruye.

Inkuru iba ibaye impamo. Mu masaha ya gatondo leta yihutiye kuja kuraba ivyabaye,harimwo no kwegeranya uwo mushikiranganji ngo ajanwe mu buruhukiro.

Ntivyatevye leta Ku gicamunsi yasohoye itangazo ihoza ababuze kandi ivuga ko yazize isanganya.abantu bahashitse bagize amakenga cane ko uruhande rw’umunyonzi w’imodoka ntigononekaye, ahantu bibajije ukuntu umushikiranganji agenda atabamucungereye umutekano afise. Eka ingendeshwa yiwe bakibaza uko yononekaye naho bihuriye n’urupfu rwiwe.

Icatangaje benshi uwo yapfuye bamusanze yambaye ikabutura ntawuzi ko Yari yaraye ahantu canke ko yishwe akazanwa aho ngo vyitwe ko ari isanganya ariko uko biri kose abarundi narakeye umuco ukwiye atari uko bazoba bashatse gusasira indava ibihuha

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments