UBM News ads

Tshisekedi aranse ibiganiro vy’Doha na Washington.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Tshisekedi avuga ko abakongomani badakeneye abahuza,bareke ibibazo vya kongo bitorerwe inyishu n’abakongomani ubwabo,ababategeka ibiganiro nabo ntaco bizoshikako atabishatse!

Naho Tshisekedi yanka kuganira n’abamurwanya,biragoye ko azobatsinda mu gihe abamusaba kuganira aribo bagaruka gushigikira urwanda,m23.

Ku musi w’ejo igenekerezo rya 30 myandagaro 2025,imbere y’ihuriro rya politike”union sacré prezida Tshisekedi yemanze kumugaragaro ko kongo idakeneye abahuza binjirira mu bibazo vya kongo ahubwo ngo ibibazo vya kongo babirekere abakongomani ubwabo.

Agira ati:”abo Bose badutegeka kuganira bafise ivyo barondera,nta biganiro vyohaba ntabishizemwo uruhara,baturekere ibibazo vyacu abakongomani tuvyitorere inyishu”.

Ivyo biri uko mu gihe hamaze gusinywa amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya RDC n’urwanda yahagarariwe n’Amerika,ubu naho ibiganiro vy’IDoha bikaba bitariko bigenda neza kuko ku mpande zose biboneka ko ata gushaka kuhari ngo haboneke amasezerano yo guhagarika intureka hagati ya Kongo n’ihuriro AFC/M23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments