Prezida Ndayishimiye yibutsa abanyeshure ba kaminuza y’uburundi bize bahabwa ingurane”prêt- bourse”kwitegura gusubiza ayo bahawe yose.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ahamagarira abanyeshure ba kaminuza y’uburundi bize hahabwa ingurane ya Prêt-bourse kwitegurira gusubiza ayo bahawe yose.
Prezida Ndayishimiye akabibutsa ko Leta itavyibagiye ahubwo ko bagiye gutangura kwishuzwa.
Ariko benshi mu bagiye gutangura kuriha akaba ari abamaze kuronka ubuzi nkuko vyemezwa na Prezida Ndayishimiye.
Ibi akaba yabishikirije ejo ku musi wa kane igenekerezo rya 28 myandagaro 2025 mu ntara yagutse ya Gitega mu kiganiro catunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD mu kwibuka imyaka 20 iheze umugambwe CNDD-FDD umaze utwara uburundi.





Recent Comments