Prezida Paul kagame agabisha aba prezida birirwa basakuza ku maradio ngo bazosenyura ubutegetsi bw’urwanda ko kugirira nabi urwanda bitoroshe kandi bitijana.
Mwibuke ko muri nzero 2024 I Kinshasa,prezida Ndayishimiye yemanze kumugaragaro ko agiye kubandanya urugamba gushika abanyarwanda bikuyeko intwaro yabagize impfungwa!

Prezida Paul kagame yaraye agabishije abo yise abakuru b’ibihugu birirwa basakuza ku maradio ngo bazosenyura ubutegetsi bw’urwanda ngo bashireho abandi ko babonye ko bitoroshe.
Imbere y’abasirikare,aba polisi n’abacungera amabohero 6000,bari barangije amyimenyerezo mu kigo ca Gabiro,Paul kagame yashimiye ingabo z’urwanda ku butwari bwazo azimenyesha gukomeza kuba maso kuko abansi b’urwanda atawuzi umusi n’isaha bazirako.
Iyi mvugo ya Prezida Paul kagame irahinyitse ariko iratahuritse.muri nzero 2024,prezida Ndayishimiye yatangaje kumugaragaro ari I Kinshasa ko azobandanya urugamba kugeza abanyarwanda bikuyeko intwaro yabagize impfungwa.
Muri uyu mwaka nyene wa 2025,prezida Ndayishimiye yagarutse kenshi ku rwanda aho yamenyesha ko hamwe irya misore ya Red tabara icumbikiwe n’urwanda yokwinjira mu gihugu hazoca haba intambara yeruye ku rwanda.





Recent Comments