UBM News ads

Abamenyeshamakuru basabwa kwiyubara cane muri aya matora-François Bizimana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Guhanishwa umunyororo w’imyaka 5-10 n’ihadabu ry’imiliyoni 4 nico gihano kizohanishwa umumenyeshamakuru yotangaza ivyavuye mu matora imbere yuko CENI ibitangaza nkuko bishikirizwa n’umuvugizi wa CENI François Bizimana.

Abamenyeshamakuru baragabishwa kudapfa gutanga inkuru z’ibinyoma,zibiba urwanko zihungabanya imitima y’abarundi mu gihe c’amatora yo kuwa 5 ruheshi 2025.

Mu nama yo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 2 ruheshi 2025 umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Leocadie Ndacayisaba hamwe n’umurwi ujejwe gutegura amatora kurwe rw’igihugu CENI bakoze inama igamije gushiraho abamenyeshamakuru bazoba bari mu runani rw’ama radio kugira bashikirize uko amatora ariko aragenda kuwa 4 igenekerezo rya 5 ruheshi 2025.

Muri iyo nama umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Léocadie Ndacayisaba yagabishije abamenyeshamakuru kwirinda cane ntibapfe ivyo bashikirije mu gihe c’amatora.

Bimwe muri ivyo ni nko gutanga amakuru atariyo,acanishamwo abarundi,inkuru zibiba urwanko.

Nayo umuvugizi wa CENI François Bizimana avuga ko abamenyeshamakuru bakwiye kwiyubara cane kuko ingingo ya 239 y’itegeko rigenga amatora,ivuga ko uwuzoshikiriza ibivuye mumatora imbere yuko CENI ibitangaje azohanishwa igihano co gupfingwa imyaka 5-10 hamwe n’ihadabu ry’imiliyoni 4.

Ama radio 29,imboneshakure 7 n’ibimenyeshamakuru 30 bikorera kubuhinga bwa none nivyo bizoba bigize urunani rw’ama radio bikazoba biriko bibera ikibiriraho kw’iradio nkuru y’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments