Ingendo zo mumahanga za buri mwanya za President Neva ziri mu bintu bisubiza igihugu inyuma!
President Evariste ari mu ba Presidents bakora ingendo nyinshi mu kwezi,kandi ingendo ataco zizanira Igihugu nk’inyungu.
Murazi ko kenshi iyo afashe urugendo,ntasigana n’umutambukanyi wiwe kandi haba hari abandi bantu benshi babaherekeje,Abashikiranganji,abanya makuru,…ama Tickets yindege usanga ari menshi cane ku Rugendo rumwe kuko Uburundi bukoresha Indege y’inkotano irerura Umukuru w’Igihugu,bisigurako Indege bayifata yose kandi ibibanza vyose guhera kuvya VIP gushika kubisanzwe! Aya mahera ni menshi cane.
None kuva aho President yagendeye amahanga niki kimaze kuza nk’inyungu ku Gihugu??
Amasezerano asinya iyaja mumahanga ni ayahe amaze kuja mu ngiro?

Twarigeze kubona aterura abantu barenga 100 abazana hano muri America ngo ni abarwizatunga b’abarundi baje kuganira nabarwizatunga ba America ingene bozana imitahe mu Burundi,haje bangahe?
Ibi vyose biri munzira abakuru b’ibihugu vya Africa bakoresha mu kunyuruza amatungo y’Igihugu no gusubiza bihugu vyabo inyuma!
Mu Gihugu gikenye nk’Uburundi,Igihugu gikenye hafi ivya Nkenerwa vyose ku buzima bw’Igihugu n’abanyagihugu izo ngendo atakamaro zizana yari akwiye kuzihagarika, kuko ugutembera kutagira inyungu bavyita kuzerera!
Ariko ko kandi kuri we n’umuryango wiwe birimwo inyungu nyinshi cane kuko Leta imutekerera amahera menshi cane,kandi ntayakoresha yose,Hama iyo aba yagiye kandi barongera bakamutekerera ayandi menshi,Ayo yose aja ku mufuko iwe! Kuko nta musi arigera amenyesha Abarundi ko mumahera bamutekereye hasigaye ayangana uku canke kuriya!
Abakuru b’ibihugu bafise imigambi yo guteza imbere ibihugu vyabo,bagabanya ingendo zo mumahanga! Twarabibonye kuri ba Magufuli,aho yatwaye imyaka 6 atagihugu ca Bulaya agiyemwo eka n’amanama menshi atanyungu azana akareka kuyitaba,kandi ata bihano yarimwo ahubwo ari kugira Ayo mafranga yakora izo ngendo ayakoreshe imigambi y’igihugu !…muri iyo myaka 6 yatwaye yaguze Indege 11 z’Igihugu,yubaka ibibuga vy’Indege mu ntara zose zigize Tanzania,yubaka ibitaro bikurubikuru mu ntara zose,yubaka amabarabara meza Igihugu cose, i Dar es Salaam ho hubatse ama Fly over(amabarabara aca hejuru)
Yubaka ibarabara ripima 4,5km hejuru y’Ikiyaga Victoria hariya i Mwanza kugira bahagarike gukoresha ariya ma Pantons ajabura abantu n’ibintu kuko bitwara igitoro cinshi!
Yubaka irindi barabara hejuru y’inyanja Indien hariya i Kigamboni(Dar es Salaam) ahajabukwa n’amato haca ama barabara meza agezweho!
Evariste akija ku butegetsi 2020 umukuru w’Igihugu wa mbere babonanye yabaye Magufuli bahuriye hariya i Kigoma,muribuka ko yana mwise ko ari Papa wiwe! Aho niho natanguriye guhebura ko Muzehe atakigenda!
Dukurikije amajambo Neva yavuga,n’ingene yashitse afata ingingo zimwe zimwe twagira ngo mu Burundi turaronse Magufuli wa kabiri!
Twari twizeye ko ashika afata ingingo zikomeye ku barya ibiturire,abimba ubutare,abivye amatungo ya Leta,abahembwa amahera y’umurengera,abahembwerwa ku azina y’abantu batabaho,abakorera ku ma Diplpmas ya feki nkuko Magufuli yashitse abikora akija ku ngoma!
Muziko umuntu wa mbere Magufuli yashitse akorerako mu gufata amatungo yiwe atajanye n’amategeko ari uwo bari bahejeje kubisikanya? (Kikwete) Yashikiye gufata Containers(kontineri) ziwe zuzuye amenyo y’inzovu n’ubutare bwa Tanzanite atahandi buri kw’isi atari muri Tanzania zigiye muri China!
Umuhungu wa Kikwete(Riziwan) ashikira guhabwa gasopo yo guhitamwo kuguma muri politique canke kudandaza!
Ariko iwacu ho n’ubutunzi abategetsi bafise yari yashitse atubwira ngo baca babumenyekanisha,haciye indwi Zibiri gusa yaciye abihindura ngo yasanze bitokunda kuko hari abafise ibintu vyinshi cane vyogorana no kwandika!! Aho hose niho nagiye mbonera ko uyu muntu afise faiblesse!!
Umukuru w’Igihugu avuga ingingo muri iyi ndwi,muyindi ndwi ikurikira akaba arayivuguruje!!
Hari ibintu Neva ataba akwiye no kuvuga,kuko biramusuzuguza,nkejobundi kwinanura akavuga ngo SOPEBU(Ishirahamwe rijejwe kubika Igitoro) ngo ryaramwatse igiturire ca Miriyoni 4,nkaho ivyo vyukuri wobibwira abantu baciye ubwenge??
None namba hageze aho Umukuru w’Igihugu yakwa igiturire,Abenegihugu bageze hehe?
Hoho yoba yakoze iki kurabo bamwatse igiturire?? Namba yarabaretse bifise iyihe nsiguro?
Urya muntu kenshi amajambo yiwe si ayukuri,nayo gusinziriza Abarundi gusa!
Ibintu vyaranunaniye agerageza kurondera amajambo yo kurondera kwiyeza kub’Arundi!
Akitubwira ko Maconco(Bunyoni) ko ariwe amubujije gushikana Imigambi yiwe kubanyaguhugu,ubu Maconco ari Igitega mu mpimba none uwundi Maconco ninde nawe agafatwa?





Recent Comments