UBM News ads

Gen Gakwerere hamwe na Paul kagame hoba harivyo bumvikanye ? ukuri kwifatwa ryiwe kwagiye ahabona.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gen.Gakwerere yahoze mu ngabo z’urwanda(FAR) kuri Leta ya Habyarimana,kandi yari umusirikare wafise Rank(ipeti) yo hejuru,muca mwumva ko yari mu bafata Ingingo kandi bafise uruhara runini mu vyabaye mu 1994,bisigurako ari mubantu bakomeye cane bagize uruhara muri Genocide yakorewe Abatutsi n’Abahutu mu Rwanda!

Uyu rero ategerezwa kuba yari mu bantu baronderwa cane na Leta ya President Paul Kagame! Nkuko Leta ya Président Kagame yagiye ibikora no kubandi ba FDLR bafatiwe muri Congo n’ahandi,uyu mugabo vyavuzweko yafatiwe ku Rugamba na M23 i Goma!
Ariko ukoresheje n’Ubwenge,ukiyumvira neza urabona ko uyu muntu atafatiwe ku Rugamba,uyu hakoreshejwe amayeri menshi yo kumuha Amafranga no kumwemerera ku mukurako urubanza yakatiwe na Leta y’Urwanda,Aho bari baramukatiye imyaka 35 yo gufungwa kandi batari bwa mufate!

Leta ya Kagame,ubu buryo yarabukoresheje Ku ndongozi nyinshi za FDLR,kugira bareke urugamba batahe,kandi benshi baratashe bahemukira bagenzi babo babata kurugamba!
Ubu benshi bari mu gisirikare c’Urwanda, kandi barakoreshwa cane mu gufatisha abandi!

Nuyu mugabo arashobora kuba atafatiwe ku Rugamba na M23,Oya,ahubwo hoba habaye Ibiganiro hagati yiwe na Leta ya Kigali kugira atahe,
Mwibuke ko Gen.James Kabarebe yavyivugiye neza ko ahora aterefona indongozi za FDLR bakavugana kuri Telephone,abasaba guta urugamba ataho ruzobashikana bagataha mu Gihugu! Rero nuyu Gakwerere bishobora kuba vyaciye muri iyo nzira kugira Urwanda ruronka point yo gutanga muri UN,n’ahandi hose ko FARDC na Leta ya Tshisekedi ko bakorana na FDLR. Kandi mwibukeko M23 yamuzanye,mumisi Ibihugu vyinshi vya Buraya na Amerika bariko bafatira Ibihano Urwanda.

Kuvugako Gen.Gakwerere yafatiwe ku Rugamba na M23,arikumwe na FARDC,ni icagiriji gikomeye cane kuri Leta ya Congo ko ikorana na FDLR,bigaha inguvu Urwanda zo gusigura impamvu zituma irungika Abasirikare barwo muri Congo!
Ariko kandi namba Leta ya Président Kagame ikora nkuku,igahamagara abantu bahunze Igihugu bagirizwa ubwicanyi nka burya,ati ni mutahe muze twubake Igihugu,kuko ivyo murimwo ntaho bizoshika, Jewe ubwanje ndumva ari ivyiyumviro vyiza cane na Leta y’Uburundi ikwiye gukorerako kugira abahunze igihugu kuva 2015 batahe,Hama igihugu kije mwituze rirama!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments