Aha biragoye kwemeza canke guhakana,kuko vyose birashoboka!
Reverien Ndikuriyo ni umugabo afise igikundiro cane k’uruhande runini rw’abanywanyi ba CNDD FDD bayoboka Nkurunziza! Uyu bisa nkuko ariwe abahagarariye nubwo vyagiye bimukomerana!
Uruhande ruyoboka PrĂ©sident Evariste Ndayishimiye narwo rumufata nk’umuntu abangamiye ivyiyumviro vyabo vyo kwikurako ivyiyumviro vya SOGO!
Aha rero naho vyagiye biranyegezwa kugira umugambwe CNDD FDD ntusambuke,iyo mirwi ibiri irahari Kandi yarahanganye cane!

Burya n’Ikiringo ca Reverien Ndikuriyo co kurongora CNDD FDD gisa nicaheze!
Ariko gusubiriza uyu mugabo si icoroshe kuko vyokwonona vyinshi muri uyo Mugambwe!
Imbonerakure nka zose mu gihigu zumva cane Reverien,abagumyabanga nka bose baramuzi cane,muraziko yanabagendeye muma zone yose agize igihugu! Harya ntiyariko arata umwanya,oya! Yariko akora ico azi.
Uruhande rwa PrĂ©sident Evariste kwikurako Reverien biciye mu nzira z’Ibirozi birashoboka kuko si iryambere vyoba bikozwe! Kandi mu Bihugu vyinshi birakoreshwa cane!
Ikindi naco aba bategetsi Uburundi bufise uyu musi,bafise abansi benshi hirya no bino kubera ubukozi bw’Ikibi bwabo! Kumenya uwumugiriye nabi si icoroshe!
Ariko akanahi abo bantu bazokwiranira bo nyene ubwabo kuko abarundi barayamaze ngo “Agatu gatekeye amahwa karimena”
Cndd fdd naho yibaza ko izotwara imyaka myinshi ntibizokunda kuko hagati muriyo baguma bategana ama bombes,abandi binyuma bakabatega ayandi,ubukene buzura inzara yateye Abarundi nabwo ni bombe mbi cane,umusi zaturitse kizoba ikibazo gikomeye kuri abo mubona bahaze uyu musi,badasiba gushinyagurira Abarundi ko bo batunze.
CNDD FDD ntiyari mbi,ariko abayobozi bayo ni bo babi. Mission yabajanye mw’Ishamba siyo bakiriko,bibereye mu bindi. Muri make barahemukiye abarundi na cane cane Abahutu bita ko barwaniye agateka kabo!





Recent Comments