Donald Trump atanze gasopo kuri Hamas:bitarenze uyu wa gatandatu isaha zitandatu Hamas itegerezwa kuba yarekuye imbohe zose za Isiraheli bitagenze uko n’ukurandurwa burundu hamwe no guhagarika amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya isiraheli na Hamas.

Donald Trump yaraye atangaje ko Umuhari hamas utegerezwa kurekura imbohe zose wafashwe burwati bitarenze kuwa gatandatu,bitabaye uko Donald Trump yabasezeraniye kwinjira ikuzimu harimwo no guhagarika amasezerano yose yo guhagarika intambara hagati y’umuhari Hamas na Isiraheli.
Izi mbohe nyishi n’izafashwe burwati n’umuhari Hamas mu gitero co mu mwaka Wa 2023 kuri isiraheli.
Donald Trump amaze kwihweza amashusho y’abanya isiraheli bafashwe n’umuhari Hamas yavuze ko biteye ubwoba ivyo Hamas wakoreye abanya isiraheli bafashwe n’uyu muhari.
Vyari vyitezwe ko umuhari Hamas utanga imbohe zose za Isiraheli wafashe burwati kuri uwu wa gatandatu ariko Hamas yatangaje kuri uyu wa mbere ko bavyunguruje kugeza Isiraheli nayo itanze imbohe z’Umuhari Hamas nkuko vyatangajwe na Abou Obeida avugira Ama brigade Ezzedine al-Qassam.
Ikindi nuko Donald Trump yaraye atangaje ko igihugu ca Egiputa na Yorodaniya bitegerezwa kwakira abanya palestine bagiye kwumurwa i Gaza bitagenze uko bazofatirwa ibihano harimwo guhagarikwa infashanyo bihabwa n’Amerika.





Recent Comments