Abakuru b’ibihugu bigize EAC bafashe umwanzuro ko Prezida wa kongo Felix Tshisekedi ategerezwa kuganira n’umuhari M23 n’iyindi mirwi y’abarwanyi kugira haboneke amahoro.

Haraye hakoranye inama idasanzwe ya 24 y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC yatumweko na Prezida William Ruto inyuma yaho umuhari m23 Ufatiye igisagara ca Goma.
Muri iyo nama yaraye ibereye kubuhinga bwa none,abakuru b’ibihugu bose bagarutse ku ntureka zimaze imisi zibera muri Nord kivu aho basavye impande zose zishamiranye guhagarika intambara maze bagashira ibiganiro vy’ amahoro imbere.
Inama ikaba yarangiye basavye Prezida wa Kongo Felix Tshisekedi naho atitavye iyo nama kuganira n’umuhari M23 hamwe n’iyindi mihari yitwaje ibigwanisho mu ntumbero yo gutorera umuti ku bibazo vy’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa kongo.





Recent Comments