Umuvugizi w’urunani BURUNDI BWA BOSE KEFFA NIBIZI asaba umurwi CENI ko wopfuma utanga imihoho nimba vyawunaniye gutunganya amatora kuko ivyo uriko urakora bishobora gukwegera igihugu mu kaga.

Keffa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU usanzwe uri mu runani BURUNDI BWA BOSE arababazwa n’inyifato umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI uriko urerekana mu gutegura amatora yimirije ya 2025.
Keffa Nibizi abivuga afatiye kurwandiko rwasohowe n’umurwi CENI kuwa 9 nzero 2024 ruha uburenganzira imigambwe n’inani gusubiramwo intonde z’abazokwitoza ariko muri CENI kurwego rw’igihugu canke muma CEPI mu ntara bakavuga ko urwo rwandiko bataruzi.
Ibi bikaba ari uburyo bwo gushaka kubajuragiza kugira bikunde ntibazokwitabire amatora nkuko bishikirizwa na Keffa Nibizi.
Ikindi nuko ubu umurwi CENI uriko urasaba gukorwa vyihuta intonde z’abazohagarikira amatora kandi vyahora bikorwa mu misi 20 imbere yuko amatora aba.
Ivyo umurwi CENI uriko urakora rero bishobora gukwegera igihugu mu kaga gakomeye arico gituma Keffa Nibizi abasa gutanga imihoho hako bakwegera igihugu mu kaga.
Ibi biri uko mu gihe umurwi CENI uheruka gusaba urunani BURUNDI BWA BOSE guhindura amakosa wagize mu gushiramwo abashingamateka b’umugambwe CNL cane cane bakiyoboka AGATHON RWASA ivyatumye kurubuga rwa politike imigambwe UPRONA NA CNDD-FDD ariyo yonyene iboneka ko ariyo ikwije ibisabwa n’amategeko kugira yitabire amatora yo mu mwaka ya 2025.
Biramaze kugaragara ko Umurwi CENI utigenga na gato bikabonekera ku matora yo mu myaka ya 2010,2015,2020 yaranzwe n’ubusuma bukabije kandi bigakorwa na CENI nyene. Akarorero ka hafi ni amatora ya 2020 aho vyagaragaye ko Agathon Rwasa yatsinze amatora ariko bikarangira CENI itangaje ko CNDD-FDD ariyo yatsinze.
Nubu hari abanyepolitike batanguye kubona ko ataco bazohanoba baravye inyifato y’umurwi CENI utanguye kwerekana mu gukumira iyindi migambwe.





Recent Comments