UBM News ads

Leta ya CNDD-FDD ntikwiye gutunganya amatora kuko itemewe n’amategeko-Chauvineau Mugwengezo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Chauvineau Mugwengezo avugira urunani CRN-Ingeri ya rugamba yemeza ko Leta ihari itemewe n’amategeko gutyo ntikwiye gutunganya amatora yimirije.

Chauvineau Murwengenzo ati CNDD-FDD yatsinze amatora ya 2005 gusa ahandi ikora ubusuma gusa,ikindi nuko yatsinzwe muri EAC mu rubanza rw’ikiringo ca 3 kubw’ivyo ntiyemewe n’amategeko.

Chauvineau Murwengezo avugira urunani CRN-Ingeri ya Rugamba yemeza ko intwaro ya CNDD-FDD itemewe n’amategeko.

Mu kiganiro ku mboneshakure Tele renaissance ku musi w’ejo,chevineau Murwengezo yemeza ko amatora adashoboka afatiye kuri izi mpamvu zikurikira:

Urubuga rwa politike rwiganziwe n’abari kubutegetsi gusa mu gihe abandi bari gukumirwa.
kutihanganiranira muvya politike,ubwicanyi bubandanya bukorwa mbere hariho n’abandi basubiye guhunga.

Chauvineau Mugwengezo avuga kandi ko leta ya CNDD-FDD yagize ihirikwa ry’ubutegetsi ufatiye kurubanza rwaciwe na sentare y’Afrika y’ubuseruko kuvyerekeye ikiringo ca 3 aho basanze abakoze imyiyerekano bari mu kuri bivuze ko Leta ya CNDD-FDD yihagiye ikiringo ca 3 bitemewe n’amategeko.

kubwo izi mvo zose,Chauvineau Mugwengezo asanga Leta ihari itemewe n’amategeko kandi ntiyemerewe no gutunganya amatora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments