Umuvugizi w’igisirikare c’uburundi Gaspard Baratuza yamirira kure ibivurwa ko abasirikare b’abarundi bari gukora ihonyabwoko kubanyamulenge bo mu karere ka RURAMBO muri Kongo bafashanije n’imihari ya FDLR na CNRD-FLN.
Baratuza akavuga ko icabajanye muri kongo atari gukora ihonyabwoko ahubwo ari kurwanya imihari ya RED-Tabara na FDLR n’iyindi mihari yose ihungabanya umutekano wa kongo kandi ko akazi bariko bagakora neza.

Umuvugizi w’igisirikare c’uburundi Gaspard Baratuza arahakana ivyo arerwa n’ubwoko bw’abanyamulenge bo muri kongo ko abasirikare b’abarundi bari kubakorera ihonyabwoko.
Mw’itangazo umuvugizi w’igisirikare c’uburundi yasohoye ku musi w’ejo igenekerezo rya 23 munyonyo 2024,yarahakanye ivyo abasirikare b’abarundi barerwa n’umurwi Twirwaneho wegukira ubwoko bw’abanyamulenge ahubwo amenyesha ko ivyo bivurwa ari gucafuza igisirikare c’uburundi gisanzwe ari bitumwako mu kugarukana amahoro n’umutekano haba mu karere no kw’isi yose!
Gaspard Baratuza amenyesha ko icabajanye muri kongo atari ihonyabwoko ahubwo bagiye kurwanya imihari yose ihungabanya umutekano muri kongo harimwo umuhari Red-Tabara uturuka iburundi,FDLR N’iyindi kandi ko akazi bariko bagakora neza cane.
Kuwa 22 munyonyo 2024 umurwi Twirwaneho wegukira ubwoko bw’abanyamurenge wari wasohoye itangazo werekana amabi abasirikare b’uburundi bari gukora muri kongo mu kwica ubwoko bw’abanyamulenge babahora ubwoko bwabo.
Muri iryo tangazo, rumurwi Twirwaneho wamenyesha ko abasirikare b’abarundi bari muri kongo bafashisha ibikoresho vya gisirikare imihari ya FDLR,CNRD-FLN,Mai Mai maze ikaza kwiba no kwica abanyamulenge.
Umurwi Twirwaneho usabaLeta y’uburundi kutivanga mumatati y’amoko,kudahengamira ku bwoko bumwe canke gushigikira imihari imwe,kutinjira mu vyaha vyo gukora ihonyabwoko bambaye umwambaro w’uburundi,kudacafuza ibendera ry’uburundi mukurisiga amaraso y’abanyamulenge.





Recent Comments