Prezida Donald Trump yaraye amenyeshe ko agiye guhangana n’ikibazo c’abimukira muri iyi manda y’imyaka ine aho abimukira ama miliyoni n’amamiliyoni bagiye kwirukanwa.
Trump avuga igihugu ca Mexique ashobora kugifatira ibihano ku bidandazwa vyabo kuko ariwo muhora abo yise “inzige z’abimukira” basigaye bacamwo mu kwinjira muri Amerika

Mu gihe Prezida Trump yaraye atorewe manda y’imyaka ine kuyobora Amerika yaragarutse kukibazo c’abimukira aho amenyesha abimukira ama miliyoni n’amamiliyoni bagiye kwirukanwa.
Prezida Trump avuga ko igihugu ca Mexique kiri gutuma abimukira benshi binjira muri Amerika banyuze muri Mexique,kandi ko gishobora gufatirwa ibihano mu gihe batohagarika uwo mugambi.ibihano kubidandazwa bashorera muri amerika ni kimwe mu vyo Trump ategekanya vuba ariko akavuga ko azobanza kuvugana Na Presida wa Mexique.
Kuva mu myiyamamazo yiwe Trump yagumye agaruka kukibazo c’abimukira bari muri Amerika aho mbere yavuga ko bamaze imbwa n’utuyabu vy’abanyamerika,hadasigaye inyuma kuba aribo bari guteza ibibazo vy’umutekano muke,mbere benshi muribo akaba ari ivyihebe n’abanywarumogi.
Agishika ku butegetsi muri 2017 icambere yafashe ingingo ibuza ibihugu vya irani,Somaliya,Libiya,siriya,yemen,koreya ya Ruguru na Venezuela kwinjira muri Amerika abagiriza kuba intagondwa zo mumihari y’iterabwoba





Recent Comments