Umushingamateka Agathon Rwasa amenyesha ko aya matora yimirije ariko ategurwa mu kajagari kenshi mbere biragoye kwemeza ho hari icizere azozanira abarundi.
Rwasa Agathon avunira akagohe abategetsi ba CNDDD-FDD kuraba nimba imyaka 20 iheze batwara uburundi haraho babugejeje.Basanze naho babusubije inyuma bareke abarundi bihitiremwo indongozi bashaka.

Mu gihe ku musi w’ejo Rwasa Agathon yari umutumire kuri Radio RPA mu kiganiro ijambo ni rwawe,Rwasa Agathon Yarashikirije amakenga abona mw’itunganywa ry’amatora yimirije mbere akavuga ko ataco ashobora kuzanira abarundi kuko ariko ategurwa mu kajagari gusa.
Rwasa Agathon avuga ko abategetsi ba CNDD-FDD badashaka kuva ku butegetsi ariko bagashaka gutegura ivyitwa amatora kandi atari amatora.
Agira ati:”abanyagihugu burya baheruka kwerekana aho bahagaze mu kwanka kwiyandikisha kuko babona amatora ategurwa mu busuma,umwiheburo w’ubuzima urangwa mu banyagihugu”. Agathon Rwasa aratanga bumwe muburorero bwerekana uko amanyaga ariko arakorwa mw’itegurwa ry’amatora yimirije.
Abarundi bategetswe ku nguvu kwiyandikisha ku nguvu kandi ibi ntivyemewe n’ibwirizwa nshingiro.kwiyandikisha ni kubushake bw’umwenegihugu. Mu kwiyandisha batanze uburangamuntu ku bana batarakwiza n’imyaka yo gutora,bakabuzuriza n’intoki bakabaronderera udupapuro twemeza ko biyandikishije.
Ikindi nuko Prosper Ntahorwamiye arongoye umurwi CENI yinamuye atuma abanyamigambwe ngo bazane ama candidature yabo kandi umukuru w’igihugu atarahamaza amatora kuko nico kibanza,kikugura amatora.kandi aho niyo imigambwe ica igira inani hamwe n’abigenga.
Rwasa agathon asaba abategetsi ba CNDD-FDD kuraba neza neza nimba imyaka 20 bamaze kubutegetsi haraho bagejeje igihugu.nimba naho bagisubije inyuma bareke abarundi babahe umwidegemvyo bitorero indongozi bishakira.





Recent Comments