UBM News ads

Jérémie MINANI avuga ko afise amakuru y’uko Perezida Paul Kagame yemeye gutanga kuri Leta y’uburundi abagirizwa guhirika ubutegetsi mu 2015.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uburundi, Jérémie MINANI yaraye atangaje kuri uyu wa 19 Ruheshi 2023 ko yandikiye Umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame kuwa 7 Ntwarante 2023 amusaba kudaha agaciro ubusabe bwa Leta y’uburundi bwo kurungikirwa impunzi z’abarundi zahungiye mu Rwanda zagirizwa guhirika ubutegetsi mu 2015. Uwo munyepolitike ari mu buhungiro akaba yaraye avuze ko afise amakuru y’uko umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame yoba yaremeye kurungikira Leta y’uburundi izo mpunzi z’abarundi zagirizwa kugerageza guhirika ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015.

«Dufatiye kw’iperereza ryacu , turazi ko Perezida w’urwanda yemeye kurungikira Leta y’uburundi abarundi basaba ubuhungiro n’impunzi , bashakwa ku vyaha bagirizwa vya politike» Niko MINANI avuga mw’iryo kete.
Uwo munyepolitike MINANI aratabaza amashirahamwe mpuzamakungu ayasaba kwiyamiriza iyo ngingo yohava ifatwa na Leta y’urwanda yo kurungika mu Burundi izo mpunzi .Agira ati :«Ukwo kurungikira Leta y’uburundi izo mpunzi bizoba ari uguhonyanga kweruye itegeko mpuzamakungu ryerekeye abasaba ubuhungiro. Turasaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU , Antonio Guterres kugira ico akoze kugira ntibikorwe»

Kubw’uwo munyepolitike, ngo ni vyiza ko umubano woba mwiza hagati y’urwanda n’uburundi , ariko ngo ntibikwiye ko bica bijana no kurungika mu Burundi abo barundi bahungiye mu Rwanda nk’impunzi zifise itegeko mpuzamakungu ribakingira kurungikwa ahantu ubuzima bwabo bwohungabana.

Jeremie MINANI mw’iryo kete yarerekanye ko Urwanda hamwe rwotanga abo barundi kuri Leta y’uburundi rwoba ruhonyanze iryo tegeko mpuzamakungu kandi ko amanota meza rwari rufise mu kwakira neza impunzi n’abasaba ubuhungiro azoca agabanuka. Yibutsa ko ivyo kurungika izo mpunzi mu Burundi nta shirahamwe na rimwe mpuzamakungu ribishigikiye ko kandi n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi bicumbikiye bamwe mw’izo mpunzi vyanse kubatanga kuri Leta y’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments