Uwahoze arongoye igihugu ca Angola , Eduardo Dos Santos yitavye Imana kuri uyu wa gatanu mu bitaro vy’i Barcelone muri Espanye aho yararwariye kuva umutima wiwe uhagaze gukora hari kuwa 23 Ruheshi. Leta ya Angola ikaba yatangaje urupfu rwiwe ibicishije ku rubuga rwa facebook.
Dos Santos apfuye ku myaka 79 akaba yarongoye Angola imyaka 37 maze aza kurekura igihugu mu mwaka wa 2018 biciye mu nzira ya matora. Uwo yarongoye Angola akaba yararwaye igihe kinini maze kuva mu kwezi kwa Ruheshi amagara yiwe atangura kubandanya amera nabi, nkuko kimwe mu binyamakuru vyo muri Espanye canditse ko «Perezida Dos Santos ari hagati ubu y’urupfu n’ubuzima»





Recent Comments