Igikorwa co kurondera ibisigarira vy’abasirikare b’abarundi bari mu butumwa bwo kugarukana amahoro muri Somaliya bapfiriye mu gitero co kuwa 3 Rusama 2022 cararangiye. Mu basirikare barenga 30 baguye muri ico gitero c’intagondwa za Al-Shabab ku kirindiro kiri El-Baraf , hashoboye gutorwa abasirikare 18 gusa abandi basigaye ibiziga vyabo bikaba bitashoboye gutorwa.
Ico gikorwa kikaba casozerewe hatowe ibisigarira vy’abasirikare 11, ivyo bisigarira bikaza vyiyongera ku bindi bitandatu vyari vyatowe mu gikorwa cari cabaye kuwa 17 Rusama 2022. Hiyongereyeko umusirikare yahitanywe n’ibikomere ariko akapfira mu minwe y’abagenzi we, bisigurako ku basirikare baguye ku kirindiro ca El-Baraf hazoshobora gushinguranwa iteka 18. Ni mu gihe amakuru atangwa na bamwe mu basirikare bari muri ubwo butumwa bavuga ko igitigiri c’abasirikare bose bapfiriye El-Baraf kingana 34. Gushika ubu rero, mu batowe ibiziga, hamaze gushingurwa abasirikare babiri kuko aribo bashotse bamenyekana umwidondoro . Bikavurwa ko ata bindi bikorwa bitegekanijwe kurondera ibindi bisigarira vy’abasirikare baguye muri ico gitero.
Igikorwa gisigaye gusa ngo ni ico kurondera umwidondoro w’ibisigarira vyabonetse hakoreshejwe ubuhinga bwa «ADN»





Recent Comments