UBM News ads

Leta y’uburundi ntiyipfuza ko intumwa idasanzwe ya ONU ihonyoza ikirenge ku butaka bwayo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi ntiyipfuza ko intumwa idasanzwe ya ONU muvy’agateka ka zina muntu ihonyoza ikirenga ku butaka bwayo.Leta yongeye kubigaragaza mu nama ya ONU igira iya 50 y’agateka ka zina muntu yakoranye kuri uyu wa gatatu.Image

Intumwa idasanzwe ya ONU iraba ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi  Fortuné  Zongo yagarutse kuvyo ivuga ko vyateye imbere  mu gihugu nk’ikigongwe umukuru w’igihugu yahaye abanyororo  barenga 5000, ifungurwa ry’abamenyeshamakuru  n’abaharanira agateka ka zina muntu , ukwemerera gusubira gukorera mu Burundi ibimenyeshamakuru bimwe bimwe , ukuduzwa ipete kw’umurwi w’igihugu w’agateka ka zina muntu (CNIDH) hamwe n’ikurwaho ry’ibihano uburundi bwari bwafatiwe n’ubumwe bwa buraya na Leta Zunze ubumwe za Amerika. Ariko vyinshi muri ivyo vyabaye Fortuné Zongo ataratangura icese amabanga yiwe. Inyuma y’ukwemeza kwiwe mu mabanga kuwa mbere Ndamukiza, Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu ivuga ko uwo munya Burkina Faso yatanguye akazi nyezina kuwa mbere Rusama 2022.

Kuri uyu wa Gatatu, Fortuné Gaetan Zongo akaba yavuze kandi ko abategetsi b’uburundi bakwiye kwongereza inguvu  mu bijanye no kurwanya ukudahana, ibijanye n’ibikorwa vy’ubutungane , igipolisi n’igisirikare  na cane cane kuvyerekeye ukwubahiriza ubwigenge bw’abanyagihugu  hamwe n’ubwigenge bwa politike  biciye mu gukorana n’amashirahamwe yigenga  hamwe n’ibimenyeshamakuru.

Uwaserukiye Leta mw’iyo nama akaba yavuze ko ako kazi k’iyo ntumwa idasanzwe ya ONU ku Burundi ko hagarara kuko ubutegetsi b’uburundi butigeze buvyemera. Kimwe muvyo Leta y’uburundi isaba kugira agateka ka zina muntu kubahirizwe akaba ari ukurwiza inyigisho n’imfashanyo zihabwa abajejwe agateka ka zina muntu  mu gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments