Ihuriro ry’abashingamateka ba Congo batowe mu ntara 26 zigize ico gihugu basaba umukuru w’igihugu FĂ©lix Tshisekedi gutangaza icese ko igihugu ciwe kitanguje intambara ku gihugu c’urwanda kubera ico gihugu cavogereye Congo mu gufasha no gushigikira umuhari M23. Abo batowe n’abanyagihugu basaba kandi Perezida Tshisekedi guhagarika butarariye imigenderanire na Kigali. Iryo huriro ry’abo bashingamateka ryabitangaje kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 18 Ruheshi 2022 mu rwandiko basohoye bongera barasoma imbere y’ibinyamakuru.
Blanchard Takatela arongoye iryo huriro ati :«Ibihe igihugu kiriko kiracamwo vyadutegetse nk’abatowe n’abanyagihugu kubasaba kwihutira mu maguru masha guhagarika imigenderanire hamwe no gufuta amasezerano yose mwasinyiraniye n’urwanda hamwe rero gutangaza icese intambara kw’ico gihugu»
Abo bashingamateka barasaba kandi amakungu gucira umukenke Urwanda kubera ruriko ruvogera Congo mugushigikira umuhari M23
Tubamenyeshe ko icuka hagati y’urwanda na Congo kiguma kiba nabi inyuma yaho umuhari M23 utangurije intambara mu ntara ya Kivu y’uburaruko aho ndetse wamaze gufata akarere k’ubucuruzi ka Bunagana. Urwanda rwagirijwe n’abategetsi ba Congo ko ruriko rufasha M23 kurwana ko n’abasirikare barwo bishikiye ku butaka bwa Congo mugufashanya kurwana n’abo barwanyi ba M23. Igihugu c’urwanda naco kikagiriza igisirikare ca Congo gukorana n’umuhari FDLR kugaba ibitero ku butaka bw’urwanda. Ivyagiriji biguma bihakanwa ku mpande zose.





Recent Comments