Mu gihe kuri uyu wa gatanu ariho hakwira imisi ijana intambara ihuza uburusiya na Ukraine itanguye, Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribicishije ku muhazabikorwa waryo muri Ukraine, Amin Awad yatangaje ko iyo ntambara iriko ihuza ivyo bihugu bibiri igoye cane kuko ata numwe mw’izo mpande zibiri zishamiranye azoshobora kuyitsinda. Awad agahanura izo mpande zose zibiri guhagarika intambara maze hakaboneka amahoro.
Uwo asanzwe ari umuhuzabikorwa wa ONU muri Ukraine yabivuze mu majambo akurikira :« Iyi ntambara nta numwe ahari canke azobaho ngo ayitsinde» Naho ibiganiro bihuza uburusiya na Ukraine bisa nivyahagaze burundu, Amin Awad arongera agahanura impande zishamiranye uku :« Dushaka amahoro. Intambara itegerezwa guhagarara»
Uyo mukozi wa ONU muri Ukraine arajwe ishinga n’ibintu bimaze kwononekarira muri Ukraine kuva uburusiya butanguje intambara mw’ico gihugu kuwa 24 Ruhuhuma 2022. « Muri aya mezi atatu gusa, hafi imiriyoni 14 z’abanya ukraine barahunze bata izabo, benshi muri bo ni abagore n’abana» Niko Awad abandanya asigura.





Recent Comments