Haravurwa Ubwinshi bw’ibiziga vyandagaye hirya no hino mu karere ka Kigoma , mu misozi miremire ihanamiye ikiyaya ca Ruzizi , muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abanyagihugu bahegereye bakavuga ko ivyo biziga ari ivy’imbonerakure zasize ubuzima mu ndwano zabahuje n’abarwanyi b’umuhari RED-TABARA kuva ku musi wa gatatu w’indwi twasozerereye, Imirwano bivurwa ko yoba yasizwemwo ubuzima imbonerakure zirenga 40 , abandi benshi barahakomerekera.
Mu turere twa Rubumba, Gitoga na Rubuga muri gurupema ya Kigoma niho hagandagaje ibiziga vy’abantu . Ivyo biziga nkuko amakuru duhabwa n’abanyagihugu baherereye muri ako karere abivuga , ni ibivyimba vy’imbonerakure (urwaruka rwegamiye umugambwe CNDD-FDD). «Ubwinshi bw’ibiziga turiko tubona ngaha nta gukekeranya ni imbonerakure zishwe igihe zariko zitana mu mitwe na RED-TABARA» niko bivurwa n’umunyagihugu wo muri gurupema ya Kigoma. Ayo makuru nyene avuga ko abo bariko barwa mu ntambara ziriko zibera muri ako karere zibahuza n’umuhari RED-TABARA kuva ku musi wa gatatu . Ayo makuru yemezwa kandi n’amashirahamwe adaharanira ivy’icaro vya politike muri Congo. Kubw’ayo mashirahamwe, amenyesha nayone ko hoba hishwe imbonerakure zirenga 40 , maze abandi benshi barahakomerekera , abasigaye barasanzara.
Ni akababaro rero ku mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri Kivu y’ubumanuko, kubwabo ngo Leta yarahevye abanyagihugu bayo. Ayaga n’iradiyo Canal Afrique yo muri Afrika y’epfo, Prince-Gerard Rugarika avuga ko abanyagihugu bo babona ko hageze ko bibako. Rugarika ati :«Nibazako igisigaye ari uko abanyagihugu birwanirako, umuntu wese yitwa umukongomani ahagarare avyiyamirize».





Recent Comments