Kompanyi y’indege y’urwanda , Rwanda Air yahagaritswe kuri uyu wa gatanu n’abategetsi b’igihugu ca Congo kudasubira gukora ingendo mw’ico gihugu. Leta ya Congo ikaba yafashe ingingo kubera ko ngo bimaze kugaragara ko umuhari M23 umaze imisi uriko urwana n’ingabo za Leta ya Congo ,ushigikiwe na Leta y’urwanda. Inama y’igihugu yo kwivuna abansi irongowe na Perezida Tshisekedi ariyo nayo yafashe iyo ngingo imenyesha ko ifise ivyemezo nsindamusiga ko M23 iriko ishigikirwa n’urwanda.
Mw’itangazo ryasomwe kuri uyu wa gatanu na Patrick Muyaya , umushikiranganji wa Congo ajejwe kumenyesha amakuru , yatangaje ko iyo nama yagiriza igisirikare c’urwanda (RDF) kuba kiriko gifata mu mugongo umuhari M23. Muyaya ati:”Amakuru atangwa n’abasirikare bari ku rugamba , amasanamu afiswe n’ingabo zacu , hamwe n’ivyemezo bitangwa n’abanyagihugu bacu , birerekana ata nkeka ko M23 ishigikiwe n’igisirikare c’urwanda”
Mw’iryo tangazo kandi, Inama nkuru yo kwivuna abansi muri Congo yatangaje ko kuva ubu umuhari M23 ugiye muyindi mihari y’iterabwoba irwanira muri Congo nka za ADF n’izindi.





Recent Comments