Mu gihe hari urukurukuru rumaze imisi ruca ku mbuga ngurukanabumenyi ruvuga ko abantu bose baba mu gisagara ca Bujumbura badafise ivyo bakora bagiye kwirukanwa mw-ico gisagara maze bakaja iwabo ruguru iyo bavuka, Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ivy-intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n-iterambere rusangi arabeshuza ayo makuru, ariko Gervais Ndirakobuca akamenyesha ko nyabuna abantu birirwa bicaye ku ma «Ligala» badafise ivyo bakora bagiye kuza baratwarwa gukora ibikorwa vy-iterambere ry-igihugu.
Mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru mu ndwi iheze, Gervais Ndirakobuca yamenyesheje ko abo bagira ama «Ligala» aribo bahava bahinduka abasuma maze bakaburabuza abasanzwe bafise ivyo bakora. Ndirakobuca ati :« … uyo muntu ari mu gisagara akora i Ligala adafise ico akora baca bateka imitwe ugasanga ejo nibo barara ku mugono k-uwaronse icaronse. Abo nibazako ata kibanza bafise mu gisagara ca Bujumbura»
Umushikiranganji Ndirakobuca agasaba abajejwe intwaro n-umutekano gutora abo bantu bose birirwa ku ma «Ligala» bakagenda kubakoresha mu bikorwa rusangi nk-ibijanye no gusibura imiserege mu ntumbero yuko amabarabara yosa neza .





Recent Comments