Umukuru w-Inama nshingamateka y-uburundi, Daniel-Gelase Ndabirabe amenyesha ko bamwe mu bagendesha ivyuma vyo kwunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura arivyo:Tuk-Tuk, amakinga n-amapikipiki boba bava i kuzimu maze bakaza guteza amasanga mu ntumbero yo kurondera amaraso menshi batwara aho i kuzimu.
Mu butumwa bwa Vidéo yiwe bwabonetse ku rubuga rwa Twitter rw-inama nshingamateka y-uburundi arongoye, Gelase Ndabirabe avuga uku :«… kumbe bamwe bamwe bashobora kuba bava i kuzimu , bashobora kuba bava i kuzimu! None wewe woza gutwara Tuk-Tuk nta vyangombwa ufise ntaki… ugaca ugonga abantu , amaraso urumva bagaca begeranya bajana i kuzimu. Ivyo muvyitwararike ! Niyo mpamvu mvuga nti musenge cane!»
Uwo arongoye inama nshingamateka y-uburundi aratanga akarorero k-umuntu aheruka kumushingira intahe yuko hari bamwe baja i kuzimu kurangurirayo amapikipiki maze ngo bakayazana kuyakoresha akazi kwo kwunguruza abantu . Ndabirabe abivuga uku:« Hariya mu madini musenge cane kuko hari uwatubwiye yuko ngo hariho umuntu yacuruza ama moto arenga amajana atatu yariko atanga témoignage nawe yagiye i kuzimu. Uyo muntu acuruza ayo ma moto amajana atatu yari umukenyezi , uyo mukenyezi ayo ma moto naho woyaturira bukeye haba haje ayandi majana atatu canke arenga kuko yava i kuzimu . Nuwo yabivuga ko uwo mukenyezi ariwe yamujanye i kuzimu ni umu pasitori kuburyo amaze kubivamwo yarasavye ngo bamusengere nawe yabaye uwo kwigisha ibintu vy-Imana»





Recent Comments