Umukuru w-igihugu wa Leta Zunze ubumwe za Amerika , Joe Biden yateyeko umukono kuri uyu wa gatatu ku mfashanyo ya miriyoni 800 z-amadorare y-abanyamerika agenewe kugura ibirwanisho vyo mu ntambara bize gufasha Igihugu ca Ukraine mu kwivuna bikomeye ndetse vyihuta ibitero vyo mu kirere vy-ingabo z-uburusiya. Mw-iryo bikoresho bigiye kurungikirwa Ukraine haza: Indege zo muntambara zitagira abadereva bita «drônes», ama misire yababa 800 azoza afasha gusavya ibitero vy-indege z-igisirikare c-uburusiya, inkoho ntoya hamwe n-ibindi birwanisho,…
Perezida Biden akoze ivyo, inyuma yaho mugenzi we wa Ukraine Volodymyr Zelensky abicishije ku buhinga bwa none bita «vidéo link», yasavye Amerika gushiraho amategeko yo kubuza uburusiya gucisha indege zabwo mu kirere ca Ukraine canke bagatanga indege za gisirikare zo kubuza uburusiya guhindura ikirere ca Ukraine . Perezida Zelensky yatanze ubwo butumwa igihe hariko hakorana inama nshingamateka na nkenguzamateka vya amerika.
Mw-ubwo butumwa, Perezida Zelensky yasavye abanyepolitike ba Amerika kwibuka ko nabo bagabweko ibitero muri kahise: Kuri Pearl Harbour 1941, Ibitero vya Al-Qaida muri nyakanga 2001. Zelensky yavuzeko abanya Ukraine babayeho nko muri ivyo bihe buri musi buri musi.





Recent Comments