UBM News ads

Uburusiya buraburira Ibihugu biriko biha ibirwanisho Ukraine ko ivyo birwanisho bishobora guterwa n-ingabo z-uburusiya.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igihugu c-uburusiya  kiraburira ibihugu vya buraya  hamwe na Leta Zunze ubumwe za Amerika  ko ibirwanisho ivyo bihugu biriko bitanga kuri Ukraine bishobora kugabwako ibitero umwanya n-umwanya n-ingabo z-uburusiya . Vyatangajwe  n-icegera c-umushikiranganji w-uburusiya ajejwe imigenderanire n-ayandi makungu, Sergei Ryabkov.L'armée russe a commencé son retrait des abords de l'Ukraine

Ryabkov avuga ko gukomeza gufasha ukraine bayiha ibirwanisho ari agasotoro  ku buryo isaha n-isaha ingabo z-uburusiya zishobora gutangura kurasa ahabitse ivyo birwanisho bimaze imisi biriko bitangwa n-ibindi bihugu.

Naho Uburusiya bugabisha ivyo bihugu, Leta Zunze ubumwe za Amerika  ibicishije ku nama nkenguzamateka yayo yemeje kuri uyu wa kane  ubufasha bwa gisirikare bungana imiriyaridi 6.5 z-amadorare agenewe gufasha igisirikare ca Ukraine. Mu misi iheze ya vuba, umuryango w-ubumwe bwa buraya nawo waremeje imiriyoni 450 z-amafaranga y-abanya buraya yo kugura ibirwanisho  bifasha igisirikare ca Ukraine kugira cirwanire ku ntambara kirimwo n-uburusiya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments