UBM News ads

BMM international , irindi shirahamwe ryahora ricukura ubutatare mu Burundi ryaratswe isoko.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yarahagaritse amasezerano yo gucukura  ubutare bwa Nickel buri i Musongati (mu ntara ya Rutana), ibikorwa vyahora bikorwa n-ishirahamwe Burundi Musongati Mining international (BMM). Iyo ngingo ikaba iri mw-itegeko ry-umukuru w-igihugu ryasohotse kuwa 3 Ntwarante 2022. Ayo masezerano yo gucukura ubutare yari yatanguye mu kwezi kwa Ruheshi 2014. Iryo shirahamwe Leta y-uburundi ikaba yarifise umutahe w-ibice 15% nayo BMM ikagira 85%. Amasezerano akaba yari ayo kwimba ubutare bwa Nickel imyaka 25 .Site minier du Nickel de Rubara, Musongati

Twobamenyesha ko n-inama nshikiranganji yari yakoranye mu kwezi kwa Gitugutu mu mwaka uheze  aho yari yemeje ingingo yo guhagarika ayo masezerano yo gucukura ubutare bwa Nickel buri i Musongati . Leta y-uburundi ikaba yababazwa nuko iryo shirahamwe ritubahirije ivy-ayo masezerano harimwo no kudatanguza ibikorwa nyezina.

BMM international rikaba rihambije ayandi mashirahamwe yahora acukura ubutare mu Burundi  aherutse guhagarikwa n-itegeko ry-umukuru w-igihugu , aho yagirizwa kuba  atashikije mu ngiro ivyo bari bumvikanye na Leta y-uburundi hatibagiwe nkuko Leta yavuga ko ata nyungu iboneka yigeze iboneka kuva amwe mw-ayo mashirahamwe atanguye gucukura ubutare butandukanye mu burere bugize igihugu c-uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments