Urunani rw-amasendika y-abigisha COSESONA rumenyesha ko rwashimye cane ingingo ya Leta ijanye no gukuraho ubusumbasumbane bw-imishahara mu bakozi ba Leta. Mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Victor Ndabniwe arongoye COSESONA yasavye ikiringo co kushira mu ngiro iyo ngingo mu kiringo kitoba kirekire.
Ndabaniwe yabivuze inyuma yaho inama nshikiranganji ikoraniye kuri uyu wa gatatu maze yemeza integuro y-itegeko rigenga gukuraho ubusumbasumbane bw-imishahara ku bakozi ba Leta. Umunyamabanga mukuru wa Leta yamenyesheje ko imiriyaridi zirenga 12 z-amafaranga y-amarundi arizo zigiye kuzohora zitangwa ku mwaka ku mwaka mu ntumbero yo gukuraho ubwo busumbasumbane. Prosper NTAHORWAMIYE avuga kandi ko ubwo buryo bushobora kwongerezwa bivanye n-uko ikigega ca Leta kizoba cabombotse.





Recent Comments