Umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n-iterambere rusangi yemeza ko hari aba musitanteri barongoye amakomine bamwe bamwe bafise ubumenyi buri hasi, ibihava bigira ingaruka mbi kw-iterambere rya komine. Gervais Ndirakobuca yabishikirije kuri uyu wa kane , aho yari aramutse yishura ku bibazo vy-abashingamateka ku cirwa cakozwe na «cour des comptes» ku bijanye n-ubutunzi mu ma komine.
Umushikiranganji Ndirakobuca akabandanya asigura ko abamusitanteri bene abo , usanga batinya no gusobanuza abo basangiye gutwara kuko batinya kwigaragaza ko ataco bashoboye . Akarorero atanga ni ako ikomine atavuze izina yagendeye asanga musitanteri ayirongoye yitiranya amajambo abiri ari mururimi rw-igifaransa agomba gusomwa kumwe ariko atandikwa kumwe: chèque na échec.
Ico kibazo c-ubumenyi buke kuri bamusitanteri bamwe bamwe kirateye impungenge na bamwe mu bashingamateka . Abashingamateka nka Agathon RWASA n-uwitwa Bernardine bose bashimangira ko ubwo bumenyi buke bwigaragaza cane mu bijanye n-ivy-ubutunzi.





Recent Comments