UBM News ads

Inyuma y-imyaka irenga 10 ari mu buhungiro, Manassé Nzobonimpa yaraye agarutse mu gihugu c-amavukiro.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwahoze ari mu nararibonye z-umugambwe CNDD-FDD, Manassé Nzobonimpa yaratahutse mu gihugu c-uburundi kuri uyu wa gatandatu  igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2022 inyuma y-imyaka irenga cumi ari mu buhungiro.Manasse Nzobonimpa - Alchetron, The Free Social Encyclopedia

Nzobonimpa yari yahunze igihugu c-uburundi mu mwaka w-2011 inyuma yo kudomako urutoke amabi atandukanye yariko akorwa mu gihugu ico gihe, aha umuntu yovuga nk-ubwicanyi, ukunyuruzwa vyariko bikorerwa abanywanyi b-imigambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD,igiturire hamwe no kunyuruza amatungo ya Leta .

Uwo afatwa nk-umuntu yarakomeye muri kahise  mu muhari CNDD-FDD ukiri ku rugamba ndetse n-inyuma yuko uwo muhari witiriwe umugambwe, yagiye azezwa amabanga menshi atandukanye mu gihugu co kimwe mu mugambwe: yarabaye buramatari w-intara ya Bubanza asanzwe avukamwo, yarabaye mu rwego rw-imboneza z-umugambwe CNDD-FDD hamwe rero no kuba umushingamateka.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments