UBM News ads

Albinos sans frontières itera akamo Leta y-uburundi gukingira abanyamwema basubiye kuza bicwa iki gihe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe ry-abanyamwema mu Burundi  batagira imbibe « Albinos Sans frontières» ritera akamo Leta y-uburundi gukingira ba nyamwema bo mu Burundi kuruta no kuvavanura  no kudahana ubwicanyi bagirirwa . Ako kamo iryo shirahamwe rigateye inyuma y-inyuruzwa  n-iy-icwa ry-abanyamwema babiri  kuri uyu w-Imana w-indwi iheze muri komine Kigamba, mu ntara ya Cankuzo.ALBINOS IN AFRICA

Anicet Bangirinama aserukira Albinos sans frontières abonako hamwe abanyamwema boserukirwa mu nzego zifata ingingo , vyotuma abagira ubwo bwicanyi n-ayandi mabi, baca bateshwa bagata.  Bangirinama avuga kandi ko abagabo babiri bafashwe kuri uyu w-Imana muri komine Kigamba, intara ya Cankuzo bariko baragabura ibihimba bigize umwana w-umunyamwema yaburiwe irengero muri zone Kinama, bohanwa bimwe bikomeye kubera ko bakoze icaha co kwica umuntu.

« Abafashwe mw-ako kabi kabishe , bishobotse ndibaza ibihano vyoba ari ibihari bakavyongereza kugira ibi bintu vyo kudahana bihagarare. Dusaba kandi ko tuja mu nzego z-abafata ingingo na cane cane mu butungane kuri abo bantu baba bakoze ibintu nkivyo»  Niko Anicet Bangirinama avuga, hari mu makuru dukesha iradiyo INZAMBA.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments