François Niyonkuru, ni Intwazangabo mu gisirikare c-uburundi afise ipete rya «capitaine», yaraye yirukanywe mu kazi kw-itegeko ry-umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye. Iyo ntwazangabo ikaba yagirijwe kugira inyifato itabereye nk-intwazangabo mu gisirikare c-uburundi.
Amakuru ava muri sentare nkuru ya gisirikare, amenyesha ko iyo ntwazangabo yagiriwe n-amabi afatiye ku gitsina yakoreye umwe mu basirikare yararongoye abari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca somaliya.
Abazi Capitaine françois Niyonkuru bamenyesha ko bamuzi ku vyaha vyinshi vyo gusinzikariza kiremwa muntu ariko ngo ntiyigera abibazwa. Akarorero ni ako mu mwaka w-2011 aho iyo ntwazangabo yavuzwe mu mabi yo gusinzikariza igufa abantu baba bafashwe, ivyo navyo bikaba vyabera mu bunywero bita saga Rukoko hari kw-ibarabara rya Bujumbura-cibitoke. Iyo ntwazangabo yaraye yirukanywe kandi yagirizwa kuba yaragize uruhara rudasanzwe mu bwicanyi bwabaye mu Gatumba kuwa 18 nyakanga 2011, ubwicanyi bwahitanye abantu barenga 30. Ico gihe, François Niyonkuru yarinjijwe ibohero ariko yamazeyo igihe gito kuko yarasanzwe akorera iperereza rya gisirikare niko guca asubira mu gisirikare. Akandi karorero, Inyuma yaho hageragerejwe guhirika ubutegetsi kuwa 13 rusama 2021, Capitaine François Niyonkuru yaciye arungikwa gukorera muri komine Mugamba, mu ntara ya Bururi, aho nahone yatoteje urwaruka arwagiriza ko rwagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza.





Recent Comments