Amafaranga arenga imiriyoni 12 z-amadorari y-abanyamerika niyo mfashanyo ikigega mpuzamakungu c-ishirahamwe ONU kijejwe ivy-indero kigiye guha bwa vuba Leta y-uburundi. Ayo mafaranga azokora mu kunagura igisata c-indero muri kino gihe gisanzwe gihanzwe n-ingorane nyishi.
Mu ntumbero yo gutorera inyishu ingorane zihanze igisata c-indero mu Burundi, Ikigega c-ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe ivy-indero kimenyesha ko kigiye gutanga amafaranga angana n-imiriyoni 18 z-amadorari y-abanyamerika . Ico kigega mpuzamakungu kikavuga ko ayo mafaranga azotangwa mu mice ibiri gifadikanije n-amashirahamwe nka UNICEF na WORLD VISION. Ico kigega kibicishije mu mugambi Vice Education sans délai hazotangwa ubu vuba imiriyoni 12 z-amadorari y-abanyamerika kugira hanagurwe igisata c-indero y-uburundi kisanzwe gihanzwe n-ingorane nyishi, aho abanyeshure barenga umu miriyoni aribo bamaze guheba ishure muri kino gihe kubera ibibazo biranga ico gisata.
Nkuko bishikirizwa n-ikigega mpuzamakungu kiraba ibijanye n-indero , igice ca mbere c-iyo mfashanyo kizofasha abana n-urwaruka bagera ku bihumbi 130, igice cabo kinini kigizwe n-abigeme . Mu nyuma igice ca kabiri gitanzwe, iyo mfashanyo izofasha muri rusangi abana ibihumbi 300 bahuye n-ibibazo bitandukanye harimwo Covid-19 hamwe n-ihindagurika ry-ikirere n-indyane zabaye mu gihugu . Ariko iyo mfashanyo izoba yerekeye abana bahungutse , abahungishijwe izabo hagati mu gihugu n-abandi bafise ibibazo bijanye n-ivyo.





Recent Comments