Umugambwe w-abadasigana UPRONA wari ku butegetsi mu mwaka w-1972, ubicishije ku rubuga rwawo rwa Twitter , umenyesha ko wakiriye ivyaraye bishikiijwe n-umurwi CVR ko mu mwaka w-1972 abarundi bo mu bwoko bw-abahutu bakorewe ihonyabwoko.
Ariko, UPRONA ikavuga ko ataruhara na rumwe yagizemwo mw-iryo honyabwoko. Uwo mugambwe wa RWAGASORE ugasigura ko no muri benshi bicwa harimwo abanywanyi bawo rero ko utari kwiyicira canke gutgura jenoside y-abanywanyi bawo. Ni mugihe Umurwi wo kuvugana ukuri hamwe no kunywanisha abarundi CVR wamenyesheje ko uwo mugambwe wagize uruhara mw-iyo jenoside.
UPRONA iratanga uburorero bwa bamwe mu bategetsi bava mw-uwo mugambwe bishwe, nk-uwari buramatari w-intara ya Gitega. Uwo mugambwe ugasaba nyabuna CVR gukora amatohoza yimbitse kugira nawonyene utunganirizwe.





Recent Comments