UBM News ads

Ubushikiranganji bw-amagara y-abantu no kurwanya SIDA bwemeza ko hari ukudebukirwa kw-abanya bujumbura mu kwirinda Covid-19.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubushikiranganji bw-amagara y-abantu no kurwanya ikiza SIDA  bumenyesha ko muri ino misi abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura  basa n-abadebukiwe mu bijanye no kwirinda ikiza ca Covid-19. Inyuma y-uugendo yagize  kuri uyu wa mbere, uwuramutswa ubwo bushikiranganji  umuganga SylviE Nzeyimana yamenyesheje ko ibibanza bitandukanye vyo ku murwa mukuru w-ubutunzi bigenderwamwo n-abantu benshi, abanyagihugu bakitubahiriza amabwirizwa yo kwirinda umugera wa Covid-19 mu gihe ico kiza casubiye  kurandagata  ku rugero rudasanzwe .Image

«…Turamaze imisi tubona ibtigiri vy-abipimisha umugera wa Coronavirus harimwo abatorwa uwo mugera bawurwaye muri ino misi wiyongereye  mu gihe twari tumaze amezi ivyo bitigiri vy-abatorwa uwo mugera ari bito. Twabonye rero ko hari ukudebikirwa mu bijanye no kwikingira ico kiza mu banyagisagara ca bujumbura» Niko umushikiranganji Nzeyimana Sylvie avuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments