Ubwoko bushasha bw-umugera wa Covid-19 bwaratowe mu ndwi iheze mu gihugu ca Afrika y-epfo. Ubwo bwoko busha bwitwa «Omicrom» bukaba bumaze kuboneka no mu bindi bihugu vyo kw-isi nko mu bubirigi, mu bwongereza mu buhorande na Isirayeli hamwe n-ahandi,..
Ibihugu bitari bike bikaba vyatanguye gufata ingingo zijanye no kwiyunguruza mu ndege aho bikumira igihugu ca Afrika y-epfo , cadutsemwo uwo mugera musha. Umukuru w-igihugu ca Afrika y-epfo Cyrille Ramaphosa yamenyesheje kuri uy-uw-Imana ko ababajwe cane no kubona ibihugu birenga cumi na bitanu bihagarika ingendo z-indege ziva canke zija muri ico gihugu,banyagihugu bavuye mw-ico gihugu canke mu karere kirimwo bagafatirwa ingingo zidasanzwe.
Perezida Ramaphosa ati izo ngingo ntizisiguritse kandi ngo zikumira atafatiro ibihugu vyo muri afrika y-ubumanuko. Izo ngingo kandi zihungabanya ubutunzi bw-ivyo bihugu , bigatuma bidashobora kurwanya neza umugera wa Covid-19.





Recent Comments