Inyuma yaho ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu bugabishirije abategetsi bubatse bidaciye mu mategeko ko bagiye guhagarikwa mu mabanga yabo, Martin Ninteretse, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji yemezako iyo ngingo izokora no kuba isilamu , naho idini ryabo ribemerera kugira abagore benshi.
Umuryango w-aba isilamu mu Burundi COMIBU uhamagarira aba isilamu kwubahiriza iryo tegeko nkuko ryashinzweho na Leta. Sheikh Ramadhan Ndikumana, umuhanuzi muri COMIBU asigura ko naho idini ry-aba isilamu ribemerera kugira abagore barenze umwe, bategerezwa kwubahiriza amategeko y-igihugu.
Tubibutse ko ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu buheruka kumenyesha aba buramatari bose ko abajejwe intwaro bubatse bidaciye mu mategeko hamwe n-abafise bahabara bagiye guhagarikwa mu mabanga yabo.





Recent Comments