Imiyabaga y-abarundi irenga 30 yarahagaritswe ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri n-igisirikare ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo aho bita i Sange mu karere ka Uvira, iri mu ntara ya Kivu y-ubumanuko . Abo bahagaritswe bari basanzwe bari ku butaka bwa Congo batagira ibibaranga bagakora urudandazwa ruto ruto, nkuko amakuru avayo abitumenyesha.
Nk-uko tubisoma mu kinyamakuru Sos Medias , abo bahagaritswe bari mu mazu abiri ari mu gisagara ca Sange neza na neza I Rutanga. amashirahamwe yigenga yo mw-ako karere amenyesha ko urwo rwaruka rwungururijwe I Kabunambo , ku cicaro gikuru c-igisirikare ca Congo mu kiyaya ca Rusizi kugira ngo bafungirweho.
N-abatware bo muri ako gace baremeza ayo makuru.
ˮNta rukaratasi rubemerera kuba muri Congo bari bafise. Baciye bungururizwa ku buyobozi bukuru bujejwe abinjira n-abasohoka igihugu antene ya Uvira kugira hatunganywe ukwo birukanwa k-ubutaka bwa Congo‟ Niko vyemezwa Mathabishi Nyanhe , arongoye igisagara ca Sange yaganiriye na Sos Medias Burundi.
Tubamenyeshe ko muri iy-imyaka ibiri irangiye ,abarundi benshi batagira ivyangombwa barirukanywe muri Republika iharanira intwaro rusangi inyuma yo kubanza gucishwa mu busho bw-abajejwe umutekano hamwe no mw-ibohero rya Uvira. Nkuko tubandanya tubisoma mu kinyamakuru Sos Medias Burundi , nuko n-abandi barundi benshi bagipfungiwe muri iryo bohero rya Uvira.
Abenshi mw-abo barundi bagiye muri Kivu y-ubumanuko isanzwe yegereye uburundi gukora mu mirima, kwunguruza abantu ku mapikipiki no ku makinga , kwubaka amazu canke gukora akazi ko mu nzu. Bamwe muribo birangira bagirijwe ko bakorana n-imirwi y-abitwaje ibirwanisho ifise ibirindiro muri iyo ntara iri mu buseruko bwa Congo.





Recent Comments