Mu misi iza, umuntu wese yipfuza kuja mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y-ubuseruko agiye kuzosabwa kwicandagisha urucanco rw-umugera wa Covid-19. Vyatangajwe kuri uyu wa 26 Myandagaro 2021 n-icegera c-umunyamabanga mukuru ajejwe iterambere mw-uwo muryango,igihe hariko hatanguzwa ihayanishwa rigira kane ry-amahinguriro mu Burundi.
Kubw-ivyo, umushikiranganji wambere Alain-Guillaume Bunyoni yuguruye iryo hayanishwa yasavye abasavye uwo muryango ko boreka abanyagihugu baba mw-ivyo bihugu bigize EAC bagatembera ata rucanco rwa Covid-19 barinze gusabwa.
Kubwa Alain-Guillaume Bunyoni ,abona ahubwo ko hobaho ukwubahiriza k-ubwigenge bw-ibihugu bisanzwe bigize umuryango wa EAC hakicandagisha uwubishaka hatabayemwo agahato.





Recent Comments