Mw-itangazo washize ahabona kuri uyu wa 9 Myandagaro 2021, Umuhari RED-TABARA wiyemeje kurwanya Leta y-uburundi ukoresheje inguvu za gisirikare umenyesha abarundi n-amakungu ko utariko urota ucika n-itangwa kuri Leta y-uburundi rya bamwe mu barwanyi b-uwo muhari bagera kuri 19 bari bafatiwe ku butaka bw-igihugu c-urwanda mu mwaka uheze w-2020.
Ariko uwo muhari urashira ahabona impungenge n-amakenge ufise zijanye n-ukuntu abarwanyi b-uwo muhari baheruka kuherezwa Leta y-uburundi ko bashobora kugirirwa nabi bitewe n-uko Ubutegetsi bw-uburundi busanzwe buzwi ko bwamye burangwa mw-ihonyangwa ry-ubuzima bwa kiremwa muntu, ukutubahiriza amategeko hamwe n-inzira y-ubutungane. RED-TABARA iribaza ko ishirahamwe ryo mu karere CIRGL ribicishije mu murwi waryo witwa ˮ MCVE‟ ryari rihagarikiye itangwa ry-abo barwanyi kuri Leta y-uburundi, ryabwiwe bihagije kubijanye n-ishoboka ryo kugirirwa nabi ry-abo barwanyi ko kandi iryo shirahamwe ry-akarere k-ibiyaga binini ryo kwiyemeza cane k-uruhara rujanye n-iyubahirizwa mpuzamakungu ry-abafungwa bo mu ntambara.
Mu kurangiza, Patrick Nahimana ,umuvugizi w-uwo muhari aributsa ko wafashe ibirwanisho mu ntumbero yo kugarukana intwaro yubahiriza amategeko hamwe n-amasezerano ya Arusha, yarangije intambara yamaze imyaka irenga cumi mu gihugu, yongera asubiza hamwe abarundi.





Recent Comments