Mu masengesho arangiza ukwezi kw-indwi yatunganijwe n-umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD, Perezida Ndayishimiye yatangaje ko yubuye inzira nshasha yo kurwanya igiturire, iyo nayo si iyindi ni ukukirya hama amahera yatanzwe ace akoreshwa mu bikorwa vy-iterambere nko kwubaka amashure n-ibindi, maze uwo yatanze ico giturire ivyo yarondera abibure.
ˮNta giturire nzosubiza inyuma . Bazokizana nce ndacubakisha amashure , hanyuma ivyo yarondera abure. None hari ikindi? Erega nta yindi nzira yo kurwanya igiturire . Uwugitanze n-uwugihawe bose nta numwe avuga .Wumva ndi Imana kugira menye ko aha hantu hariwe igiturire?, Ndakubwira nti OK. Narabonye ingene barwanya igiturire :urareka bakagihana, mugabo uburuhiro ntihagire ico kimara . Umucamanza akarya igiturire , uburuhiro urubanza runshikiye nkarucisha mu nzira itumbereye‟ Niko Perezida Ndayishimiye yavuze igihe yari mw-ayo masengesho yatunganijwe na CNDD-FDD.
Bamwe mu barundi bakurikiranira hagufi poritike y-uburundi bavuga ko Perezida Ndayishimiye afise inyota n-ishaka ryo kurwanya biboneka abarya igiturire muri Leta arongoye iki gihe ariko bakanegura n-ukuntu amera nk-uwubabwira ukwo agiye kubarwanya abo basanzwe barya ibiturire kandi vyari kuba vyiza hamwe iyabikora mw-ibanga ntangere . Kuko, kubwabo, ngo umusuma ntumuteguza umusi wo kuzomufata.





Recent Comments