Mu gihe kuri uyu wa 9 Myandagaro ari umusi mpuzamakungu wahariwe abasangwabutaka, ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA risaba Leta y-uburundi ko yoha amatongo ku banyagihugu bo mu bwoko bw-abatwa. Vyavuzwe na Vital Bambanze arongoye UNIPROBA.
Kubwa Bambanze, ngo uyu musi si uwo kugira imisi mikuru ahubwo ngo ni akaryo keza ko kwibutsa Leta uruhara ifise kuvyokorwa ku bibazo abatwa bo mu Burundi biharije kugirango bashobore kubaho nk-abandi banyagihugu bose.
ˮKenshi na kenshi umusi mpuzamakungu uza kubera haba hari ibibazo babonye bihanze umurwi uyu canke uriya . Uwo musi nawo uje kugira bahimirize, bahamagare abantu cane cane Leta kuco yokora ku bibazo biba bihanze abo bantu. Rero, umusi mukuru mpuzamakungu w-abasangwabutaka si umusi mukuru wo guhamagara abantu ngo bagende batambe, ni umusi mukuru wo kwibutsa uruhara umwumwe wese duhereye kuri Leta yokora kugira abasangwabutaka bafatwe nk-abandi banyagihugu baba bari mu bihugu babayemwo‟ Biri mw-ijambo yashikirije Vital Bambanze kuy-umusi wahariwe abasangwabutaka.
Vital Bambaze amenyesha kandi ko abatwa bo mu Burundi bahanzwe n-ibibazo vyishi nko kudaserukirwa muri Leta, kutiga, kwamana inzara, kutagira amatongo yabo bwite,… Ico uwo arongoye UNIPROBA abona ko Leta y-uburundi yogira akigoro kaboneka kugira umutwa wo mu Burundi yegereze basi urugero abahutu n-abatutsi bamye bariko naho abona ko vyosaba igihe.





Recent Comments