Haraciye igihe hibonekeza mu gihugu ca Kenya, abarundi bakubagurwa, abandi bagafungwa hatibagiwe n-abagandagurwa ariko ubuserukizi bw-uburundi mw-ico gihugu ntihagire ico bukora canke buvugako kw-ivyo biba vyashikiye abo barundi bwitwa ko buserukira.
Akarorero ka hafi ni ak-umurundi azwi kw-izina rya Nitunga Jacques aheruka kwicwa mu mpera z-ukwezi kw-indwi akubiswe amahiri n-abagenzi we bamwagiriza ko yabivye amafaranga, ivyo uwo yapfuye yahavuye yemera ko yayivye kubw-amahiri menshi yakubiswe. Ikiziga c-uwo murundi kikaba kimaze imisi mu buruhukiro bw-ibitaro biri mu ntara ya Kiambu, mw-ico gihugu ca Kenya. Ayo makuru bivurwa ko yashikiriye ubuserukizi bw-uburundi mw-ico gihugu ca Kenya biciye kuri bamwe mu bagenzi ba Nyakwigendera. Gushika ubu, ku bijanye no gushingura uwo murundi , kuriha amahera y-uburuhukiro hamwe nayo yavujweko imbere y-uko asandaba biri mubiriko bitera ingorane no kuburira inyishu ku barundi basanzwe bari mu mashirahamwe baba mw-ico gihugu ca Kenya.
Akandi karorero gatangwa n-abarundi baba mu muji wa Nairobi ni ak-umurundi yishwe mu mwaka uheze w-2020 yishwe aguye mu mporero bamwitiranije n-abasuma bari bahejeje kwiba amafaranga ahariko hubakwa inzu. Ico gihe, uwo murundi haciye imisi ari mu buruhukiro ,bagenzi we baragiye k-uwuserukira uburundi mw-ico gihugu ca Kenya bamusaba ko yobafasha mu kugira ashingurwane iteka kuko ivyo bari bamwagirije ko yari umusuma abakoresha biwe basanze munyuma atarivyo ko bamwihenzeko. Uwo aserukira uburundi ico gihe yoba yabishuye ko badashobora guhambisha umusuma. uwo murundi  yahavuye ashingurwa n-umuryango w-abisiramu bo mu muji wa Nairobi.
Abarundi baba mu gihugu ca Kenya bavuga rero ko ubuserukizi bwabo muri ico gihugu butitaho bikwiye ibibazo vyabo kandi bimwe bimwe biba bizwi. Ivyo biri ukwo mu gihe ubuserukizi bw-igihugu mu kindi bwategerezwa kwitaho ibibazo bikurubikuru vy-abanyagihugu buserukira.
Â





Recent Comments