Kuva aho igihugu c-uburundi gifatiwe ibihano vy-ubutunzi na bimwe mu bihugu rutura vyo kw-isi, Urwaruka ruhejeje amashure rwarakozweko cane n-ico gihuhusi c-ubutunzi igihugu kirimo gushika n-ubu. Bamwe mw-urwo rwaruka bahitamwo kujabuka imbibe z-igihugu mu ntumbero yo guhiga ico bakora hama biteze imbere.
Urwaruka rutari ruke ruribonekeza cane mu bihugu vya kano karere nka: Tanzaniya, Congo, Kenya, Uganda, Zambiya, Mozambike, Malawi, Afrika y-epfo,..iruhande y-ivyo bihugu, Abagize amahirwe yo kuronka uburyo bwo kwiyunguruza mu ndege , baragenda bimwe mu bihugu vya buraya hamwe n-ivyo mu kigobe c-abarabu nko muri: Oman, Qatar, Kowet, Arabia Saoudite,…
ˮ Jewe nahejeje amashure ya Kaminuza mu mwaka w-2016, ndashomerera I Bujumbura imyaka itatu ngumana ivyizigiro ko ngiye guhabwa akazi kubwigisha. Niho nabona ko ndiko ndasamara cane ko nohamvya abandi bagenzi banje bari mu gihugu ca Zambiya. Mu mwaka w-2019 mu ntango, niho nasaba ubufasha abaryango n-incuti barampa uburyo bwo kuja zambiya. Ubu ndi mu bagiriwe amahirwe kuko nikorera urudandazwa rwiwanje ata numwe turusangiye. Ndiko ntegura vuba gushinga urwanje mu Burundi hama nzoce nzanana n-umugore ino tubane.‟ Niko Tuhabonayo Jean-Jacques ari mu gihugu ca Zambiya yatuganiriye.
Kiretse ivyo Tuhabonayo atubwiye, n-urundi rwaruka ruri mu bihugu nka Kenya, uganda, Mozambike ruremeza ko ubuzima barimwo babukenguruka cane bagereranije n-ubwo barimwo i Burundi hari na batwemereye ko bamaze kugura ibibanza vyo kwubakamwo amazu mu bisagara vya bujumbura, Ngozi na Rumonge, Abandi baramaze gushinga izabo.
Ni izihe nkurikizi zishoboka gushika hamwe urwo rwaruka rwobandanya ruva mu gihugu c-amavukiro ?
Umwe mu rwaruka ruri mu ntara ya Kigoma mu gihugu ca Tanzaniya twaganiriye, avuga ko wewe n-abagenziwe bari mw-ico gice baturubikwa cane, hari abafungwa hakaba n-abicwa bahorwa n-igipolisi co mw-iyo ntara ko aho babaye batahafitiye ivya ngombwa. Umwe mu barundi aba mu gihugu c-ubufaransa atashimye ko tumuvuga izina yatumenyesheje ko ukwo urwaruka ruguma rubandanya kuva mu gihugu c-uburundi ruja mu bindi bihugu kurondera ubuzima bishobora kuzosanga biriko biha ishusho mbi igihugu c-uburundi, ndetse binatume igihugu kidatera imbere kuko urwo rwaruka rwari rufise inguvu n-ubumenyi vyofashije igihugu cabo mu gutera intambwe mw-iterambere.
Bamwe n-abandi babona ko Leta y-uburundi yokora ibishoboka vyose ikiyumvirako k-urwo rwaruka ruriko ruhunga igihugu carwo kandi rwafatwa ko arirwo burundi bw-ejo. Muvyo Leta isabwa gukora kugira ico kibazo gitorerwe inyishu harimwo ivyo kurwiza ubuzi mu bisata bitandukanye bijanye nivyo baba bigiye, Gutanga akazi kuwugashoboye ntihabemwo aka mwana wa mama, guha imitahe abataronse ubuzi kugira bikorere ivyabo mu nyuma bakazoza barayiriha bukebuke kandi ku nyungu itavuna.





Recent Comments