Mu kiganiro aheruka kugiriranira n-imboneshakure yitwa Afrique Media, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye avuga ko mu Burundi hari umugambi wo gushira hamwe amatongo yose mu ntumbero yo kurwiza umwimbu hama abantu bagaca bajanwa mu birwati.
Perezida Ndayishimiye yavuze mw-ico kiganiro ko ashaka kwubaka buri komine yose igize igihugu c-uburundi ico yise ˮcommandement‟ y-uburimyi n-ubworozi. Kugira ngo kurya umuntu amenya ukwo agana ku bitaro iyo arwaye , abarundi nabo bamenye nabo iyo bagana iyo habaye ikibazo c-uburimyi canke c-ukworora.
Kuco gushira hamwe amatongo yose yo mu gihugu, umukuru w-igihugu c-uburundi amenyesha ko ari mu ntumbero y-uko abarundi baronka ico yise ˮ Encadrement‟ nziza mu bijanye no kurima hanyuma kandi hagakorwa ibishoboka vyose ntihagire ifumbire irinda kuronderwa hanze y-igihugu.
Bamwe n-abandi babona koi co cipfuzo c-umukuru w-igihugu c-uburundi ari ciza cane ariko kugishikako ari urugamba rukomeye azorwana ku barundi kukubera ko abarundi muri kameremere yabo canke mu migenzo yabo baha agaciro cane itongo kuruta ibindi vyose.





Recent Comments