UBM News ads

Leta y’Uburundi yaronkejwe ingabire y’ibikoresho vyo kuvura no gukinga ikiza ca corona virus.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Ingabire iciye amafaranga 65.735,74 y’amadorari y’amanyamerika (Imiriyoni zirenga 120 z’amarundi), igizwe n’ibikoresho vyo gukinga, gupima hamwe n’imiti yo kuvura ikiza ca COVID19 n’izindi ngwara, niyo yatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Cordaid, ku Bushikiranganji bujejewe amagara y’abantu no kugwanya sida, ibicishije mu kigo CAMEBU, ikigo kijejwe gukwiragiza imiti mu Burundi bwose.
 Muganga Jean Bosco Ndayiragije, ajejwe ivya “urgence” muri Cordaid, akaba ari na we yaherekeje iyo ngabire, amenyesha ko yatanzwe ivuye ku cicaro gikuru ca Cordaid, mu ntumbero y’ibikogwa vyo gukorana na Leta y’Uburundi, na cane cane muri kino gihe co kurwanya ikiza ca corona virus.
 Yakira iyo ngabire, muganga Jean Claude Bizimana, arongoye ikigo ca leta co kugwanya ingwara z’ivyaduka n’isibe, amenyesha ko iyo ngabire ije kwongerereza kubindi bikoresho bisanzweho, n’ibindi biteze vuba kuronswa, bigiye gutangwa mu mavuriro y’igihugu, mu gukinga no kurwanya vy’umwihariko ikiza ca coronavirisi.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments