Uwo muyobozi mukuru akaba ari we wa mbere yahamagawe kuri Telephone n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kugira ngo yisigure ku karenganyo kagiriwe umunyagihugu yari yatsindiye isoko ariko ntiyayironswa, bikavugwa ko habayemwo ibiturire. Hari kuwa 11 ndamukiza mu ntara ya Ruyigi. Ico gihe ntivyamworoheye gusigura.
Prezida yahamagaye uyo muyobozi ikibiriraho, amubaza ati: “Ku bwabwe, nk’umurundi, mu gutanga iryo soko, ubona vyabaye mu butungane, canke harimwo uburiganya?”
Innocent Habarugira yishura ati: “Ku bwanje, nta manyanga jewe ndabibonamwo”
Prezida Ndayishimiye: “Sawa, ko ubibonye uko, ngira ndabishire mu bajejwe amategeko, barabe ko yakurikijwe. Ugasanga uno mudadanza atarira gusema, uzoca uhanwa mu kibanza ciwe”
Recent Comments